Intwazangabo CPP André NDAYAMBAJE yasubirijwe
Inama nkenguzamateka yemeje kuri uwu wa gatatu abagenduzi bakuru babiri bo mu giporisi c’Uburundi. CPP Melchiade RUCEKE yemejwe ijana kw’ijana nk’umugenduzi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, akaba agiye mu kibanza cahoramwo CPP André NDAYAMBAJE.
CPP Christophe MANIRAMBONA nawe yagenwe kuba icegera c’umugenduzi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, mu kibanza cahoramwo CPP Godefroid BIZIMANA.
Amazina y’izo ntwazangabo zibiri z’igiporisi c’Uburundi yari yarungitswe mu nama nkenguzamateka n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi Alain Guillaume BUNYONI akaba yari yagiye gutanga imyidondoro y’izo ntwazangabo, mu bikorwa vy’inama nkenguzamateka vyabereye mu ntara ya Gitega mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu.
CPP Melchiade RUCEKE yemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka nk’umugenduzi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, CPP Christophe MANIRAMBONA nawe nk’icegera c’umugenduzi mukuru w’igiporisi c’Uburundi.