Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ishirahamwe FFB ryashizeho umunsi w’urukino rwa kivandimwe witiriwe “Intamba Day”

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ritumirira abakunzi b’umupira w’amaguru mu munsi witiriwe “Intamba Day” uzoba ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2019. Kazoba n’akaryo k’ukwegeranya intererano z’abakunzi b’Intamba bazoshigikira abakinyi b’Uburundi bimirije kwitaba inkino za CAN zizobera mu gihugu ca Misiri, mu kwezi kuza.

Ibirori vy’umunsi witiriwe “Intamba Day” bizobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2019, bikazoba bigizwe n’urukino rwa kivandimwe ruzohuza Intamba mu Rugamba hamwe n’umurwi wa Aigle Noir uri mu kibanza ca mbere c’ihiganwa Primus Ligue, uwo murwi ukaba uheruka n’ugutwara igikombe c’ihiganwa ryitiriwe umukuru w’igihugu.

Kwiniira kurorera urwo rukino ni amafaranga ibihumbi bitanu vy’amarundi (5000 Frs Bu).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS