Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ishirahamwe PARCEM ntirishima ibibanza vy’Uburundi mu vyegeranyo bisohoka

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje guhamagarira Abarundi guhindura ingendo amenyesha ko abarondera gutwara Uburundi hamwe n’abarundi bose bari bakwiye gushira inguvu hamwe kugira bateze imbere igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM yashikirije ko yisunze ivyegeranyo bisohoka ku mwaka, cane cane icasohotse muri uwu mwaka cerekana ikibanza Uburundi bufise mu bihugu 54 bigize Afrika, biboneka ko abarongoye Uburundi hamwe n’abarundi bose muri rusangi bakwiye kwikubita agashi.

“Dufatiye ku vyegeranyo bigize iminsi bisohoka, na cane cane igiheruka gusohoka kivuga ibihugu 54 vya Afrika gisohoka ku mwaka ku mwaka, muri uno mwaka w’2019 ivyo kivuga ni ikibanza Uburundi bufise, dusabe ko Uburundi bwokwikubita agashi. Nk’ubu muri ivyo vyegeranyo, ico bita umwimbu ku munyagihugu, Uburundi ni ubwa nyuma muri Afrika. Ico bita Espérance de vie uravye muri aka karere ka Afrika y’ubuseruko, usanga ducererwa kuri ivyo bihugu nk’imyaka cumi. Ni ukuvuga ko umurundi abaho imyaka cumi mike ku wundi munyagihugu aba muri kano karere. Turi mu bihugu vya nyuma bifise abantu baba mu bisagara bake, n’amahinguriro ugasanga turi mu ba nyuma. Mu bijanye n’intwaro ibereye ugasanga turi mu bihugu cumi vya nyuma muvy’igiturire. Ivyo biri mu biduhanze mu gihe igihugu kiba kigise ikibanza nk’ico mu bisata bitandukanye, ariko ugasanga abantu ntaco bibabwiye, ni ukuryana. Turakwiye kwikubita agashi rero, sinibaza ko ico kibanza arico twari kuba tubereye mu gihe twoshira inguvu hamwe, turavye n’ubutunzi kama Imana yaduhaye. Muntu uriko uraharanira kwitoza gutwara igihugu, iki kibanza c’Uburundi kirakuraba.”

Ishirahamwe PARCEM rivuga ko bikenewe ko abanyeporitike, hamwe n’abagomba guhiganirwa ibibanza bitandukanye mu matora, na cane cane abashobora gusubirira umukuru w’igihugu, ko babwirwa aho igihugu kirwaye, baze bazi aho batora inyishu, bategure imigambi irashe ku bibazo vy’abanyagihugu. Iryo shirahamwe rikaba riheruka gutanguza isekeza ryise “Ukuri ku biduhanze.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS