Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Itegeko rihindura imishahara y’abacamanza ba Sentare ntahinyuzwa ryemejwe

Inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje kuri uwu wa kabiri integuro y’itegeko rigenga Sentare ntahinyuzwa, umushikiranganji w’ubutungane avuga ko iryo tegeko rishasha ryashizweho mu ntumbero y’ugushaka gufata neza abacamnaza b’iyo Sentare hamwe n’ukubaha agaciro.

Aimé Laurentine Kanyana arongoye ubushikiranganji bw’ubutungane amenyesha ko agereranije n’igikorwa abacamanza ba Sentare ntahinyuzwa bakora, umushahara wabo wari muto :

“Hari aho usanga ahembwa umushahara usanga ari ica gatatu c’uwukora muri cour anti-corruption, c’uwukora muri Cour Terre et Autres Biens, c’uwukora muri Cour des Comptes, c’uwukora muri Inspection Générale de l’Etat, c’uwukora muri Brigade Spéciale Anti-corruption kandi ariwe abatwara, ukabona y’uko n’ukuri biteye agahinda.”

Mw’itegeko ryahahora, ingene abacamanza ba Sentare ntahinyuzwa bajaho, bashirwaho kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ariko ntibavuge ibiringo vyabo. Mw’itegeko rishasha, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa agira ikiringo c’imyaka itanu kitongerezwa, icegera ciwe akagira ikiringo c’imyaka itatu gishobora kwongerwa rimwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS