Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ivyaranze ubuzima bw’umukuru w’igihugu Ntaryamira akwije imyaka 25 yitavye Imana

Imyaka 25 niyo iheze kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2019 umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana. Turagaruka kuri bimwe mu vyaranze ubuzima bwiwe.

Umuhisi Sipiriyano Ntaryamira, ni umukuru w’igihugu c’Uburundi agira kabiri, yishwe mu kiringo kitarenze amezi atanu, inyuma y’urupfu rw’uwo yari ahejeje gusubirira.

Sipiriyano Ntaryamira yavutse kuwa 6 Ntwarante 1955, ku musozi Gitwe, zone Mageyo, commune Mubimbi mu ntara ya Bujumbura benshi bakunda kwita Bujumbura Rural. Yize amashure y’intango i Rushubi gushika mu 1968, aca abandaniriza ayisumbuye mu gisagara ca Bujumbura kw’ishure yitiriwe Mutima Mweranda (Collège Saint-Esprit).

Mu 1972 yaciye ahungira mu Rwanda kubera amagume yari ateye mu Burundi, akaba ari naho yabandanirije amashure yiwe mu gisata c’ubuhinga kw’ishure ya Rilima i Kigali. Inyuma y’aho, yabandanirije kuri kaminuza nkuru y’u Rwanda aho yakuye urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’uburimyi mu 1982.

Kumwe na bagenzi we b’abarundi bari kumwe mu mashure aho mu Rwanda, baciye bashinga umuhari BAMPERE igisata ca MEPROBA yari ifise icicaro i Buruseri mu Buburigi, aho akaba yari ashinzwe gutanga amakuru. Muri Kigarama 1979, yatanguje umugambwe w’abakozi (UBU), ari kumwe na Salvator Buyagu, Merikiyori Ndadaye, Jerome Ndiho, Festus Ntanyungu, Jean Ndikumana, Siriveseri Ntibantunganya hamwe n’abandi. Aho naho yari ajejwe kwigisha no gukundisha uwo mugambwe.

Muri Ntwarante 1983, niho yatahuka mu Burundi, aca agenwa kuba umuhanuzi mu buyobozi bukuru bushinzwe gutunganya ivy’uburimyi. Muri Nzero 1984 yaciye agenywe kurongora akarere karimwo ipampa mu buraruko, mw’ishirahamwe COGERCO.

Ariko rero, muri Rusama 1985 yaciye yinjira ibohero rikuru rya Mpimba amarayo umwaka ku mvo za poritike aho atigeze aburana na rimwe. Aho yari yagirijwe kuba arongoye urunani rw’abagwanya ubutegetsi mu buryo butemewe n’amategeko ( UBU) ku ntwaro ya perezida Bagaza itavyihanganira na gato. Mbere bavugako yoba yarekuwe bisabwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Bagaza, uwo nawe ngo akaba yari umugenzi wiwe bakiri abana.

Aho rero, niho hashingwa mu kinyegero umugambwe SAHWANYA-FRODEBU watangujwe na Sipiriyano Ntaryamira, Melchior Ndadaye hamwe na Leonard Nyangoma muri Myandagaro mu 1986 i Gitega.

Inyuma yo kuba umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi kuva muri Kigarama 1987, yagizwe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi muri Mukakaro 1993 ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye.

Inzego zimaze gusenyurwa, umukuru w’igihugu akagandagurwa co kimwe n’umukuru w’Inama nshingamateka hamwe n’icegera ciwe, Sipiriyano Ntaryamira yahavuye aba umukuru w’igihugu kuva kuwa 5 Ruhuhuma 1994 inyuma y’ibiganiro vyinshi. Aho yaciye agena Anatore Kanyenkiko kumubera umushikiranganji wa mbere.

Mu bijanye n’imigenderanire, Ntaryamira yari ashigikiwe cane n’ibihugu bibanyi nka Tanzaniya na Zayire, aho yabonanye n’abakuru b’ivyo bihugu nka perezida Mwinyi bahuriye i Kigoma na Mobutu i Gbadolite barabira hamwe ukuntu mu Burundi hogaruka amahoro n’umutekano.

Yitavye Imana indege yarimwo ikorotse, bamwe bakavuga ko iyo ndege yarashwe, abandi bakavuga ko ari isanganya, hari kuwa 6 Ndamukiza 1994 aho yari avuye kubonana na bagenzi we ku kibazo c’amahoro n’umutekano mu Burundi. Muri iyo ndege, yari kumwe na Juvenal Habyarimana yari umukuru w’igihugu c’Urwanda.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS