Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ivyigwa vy’ukwubaka ibarabara Bujumbura Mutakura – Cibitoke vyaraheze

Ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta buvuga ko buriko burakora ibishoboka vyose kugira burondere uburyo bw’ugusanura amabarabara biboneka ko yononekaye, hamwe n’ukuzibira ibinogo vyibonekeza mu mabarabara ari hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Jean Bosco Ntunzwenimana amenyesha ko hari ibikorwa bisaba uburyo bwinshi Reta itaba ifise, arico gituma babanza kuburondera :

“Nk’ibi binogo vy’i Bujumbura turiko turasanasana , mugabo turavye ingorane tuba dufise, kuko ntituraba mu gisagara ca Bujumbura gusa, turaba mu gihugu cose. Hari igihe usanga ikiraro gicitse, ukavuga uti ko ikiraro gicitse, ku buryo mfise nobanza gusanura ikiraro kugira abantu barengane. Uko tuza turaronka uburyo niko tubukoresha. Duca tubanza tukaraba ivyihuta gusumba ibindi. Si ukuvuga ko tuba twavyirengagije.”

Umushikiranganji Jean Bosco Ntunzwenimana amenyesha ko ibarabara ryitiriwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatanguye gukorwa, nk’uko twashoboye kuvyibonera mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, nayo ibarabara rya Bujumbura Mutakura- Cibitoke ivyigwa vyaraheze kugira rikorwe neza atari uguhoma, ubushikiranganji bukavuga ko buriko buravuga n’abazotanga uburyo bw’ukuryubaka.

Jean Bosco Ntunzwenimana yabishikirije kuri uwu wa gatanu, aho yariko amenyesha ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mezi atatu aheze.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS