Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Jacques BIGIRIMANA arashima ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

Umukuru w’umugambwe FNL, Jacques BIGIRIMANA asanzwe ari umunyeporitike atabona kumwe ibibazo vya poritike na RWASA Agathon arashima ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, y’ukwemerera gukorera ku mugaragaro umugambwe mushasha CLN urongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Kubwa Jacques BIGIRIMANA, iyo ni intambwe ikomeye muri demokarasi y’Uburundi, kuko yisunga urupapuro rw’inzira imigambwe yateyeko umukono mu ntara ya Kayanza, ruvuga ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwofasha imigambwe isabwa kwemererwa ikoroherezwa, n’imigambwe yatatanye ishoboye gusubiza hamwe yoroherezwe.

Jacques BIGIRIMANA yahoze ari kumwe na RWASA Agathon mu mugambwe FNL, mu nyuma bacanamwo. Ku kibazo c’ukumenya namba ukwo kwemererwa gukorera ku mugaragaro kwa RWASA Agathon kwoba kugiye gutuma abo banyeporitike babiri basubiza hamwe, Jacques BIGIRIMANA yishura ati :

“Ubwa mbere na mbere hoho hiyunga abantu bashobora kugira ico bahurijeko, abantu bahuje ivyiyumviro, abantu babona kumwe ibibazo vya poritike. Twarigeze guhuza ku bibazo vya poritike n’uwo mushingamateka, ariko uwu munsi aho bigereye biramaze kugaragara ko tutakiri kumwe mu vyiyumviro.”

Ku kibazo c’abanywanyi ba FNL ya Jacques BIGIRIMANA hamwe n’abayoboka RWASA Agathon bakunze gutana mi mitwe, cane cane mu myiyamamazo y’amatora, BIGIRIMANA yishura ko atawutana mu mitwe yabitumwe n’umukuru w’umugambwe arimwo.

“Nta munywanyi n’umwe w’umugambwe yokubwira ko yigishijwe ko mu mategeko y’umugambwe, uwo batavuga rumwe ari uwo gucira ku buhomba, y’uko ata gusonera uwutwara umugambwe runaka kuko mutavuga rumwe. Izo nyigisho ntaho uzozisanga. Abo banywanyi ndababwira nti : “Nimwengengane, vyanse mwiture ubutungane.”

Ahamagarira abanywanyi babo ko bogendera demakarasi, iyo nayo nk’uko Jacques BIGIRIMANA yabishikirije, ikaba isigura kwubahana hamwe n’ukwubaha ivyiyumviro vy’abandi, uwutsinzwe akemera aho intahe ishize, uwutsinze nawe agatwarira bose.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS