Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kamenge : Umuntu yagirizwa ubusuma yishwe n’umusirikare

Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu muri kairitiye Kavumu, zone Kamenge, komine Ntahangwa, igisagara ca Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ari umusirikare yarashe umusuma yari ahejeje kwiba muri zone Ngagara, akaba yishwe ariko agerageze guhungira mu Kamenge, karitiye Kavumu.

Ayo masasu yumvikanye nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro, kw’ibarabara rya gatanu nomero 14 muri zone Kamenge, karitiye Kavumu.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko mu gihe yari ahejeje kwiba muri zone ya Ngagara muri karitiye ya gatatu mu bunywero bw’uwitwa Maronkero. Uwagirizwa ubwo busuma azwi kw’izina rya Maribicuro Ezechiel yagerageje guhungira muri karitiye ya Kavumu zone Kamenge, aca yicwa arashwe n’umusirikare.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo yagirizwa ubusuma yafatanwe Terefone ngendanwa umunani yari yivye, hamwe n’amafaranga atavuzwe igitigiri..

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS