Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Karim NIZIGIYIMANA “Makenze” yaguzwe mu murwi mushasha

Karim NIZIGIYIMANA batazira Makenze, umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba yaronse umurwi mushasha wamuguze, inyuma y’aho amasezerano yari afise mu murwi Gor Mahia wo mu gihugu ca Kenya arangiriye.

NIZIGIYIMANA Karim w’imyaka 29 asanzwe akina ku ruhande rw’i buryo, mu bakinyi b’inyuma b’Uburundi, yateye umukono kuri uwu wa gatatu w’ugukinira umurwi Vipers wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Uganda.

Uburundi buriko butegura urukino rudasanzwe ruzoba kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante uwu mwaka, ruzohuza Intamba mu rugamba z’abakuze (Senior) “Makenze” akinamwo, n’umurwi nserukiragihugu wa Gabon wa Pierre Emerick Aubameyang wa Arsenal. Urwo rukino nirwo ruzokwerekana ko Uburundi bwoba buzokwitaba ku ncuro ya mbere igikombe ca Afrika (CAN). Uburundi busabwa gutsinda urwo rukino canke bukanganya na Gabon, kuko mu rukino rwa mbere iyo mirwi yompi yanganije kimwe ku kindi i Libreville mu gihugu ca Gabon.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS