Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Karusi : Umugabo yishwe inyuma y’ukugandagura nawe umwigeme bari kumwe

Abantu babiri nibo bitavye Imana kuri uwu w’Imana ku musozi Mubaragaza, komine Mutumba, intara ya Karusi. Mu giporisi bahanura abantu kuvavanura n’ingendo y’uwkihanira.

Uwa mbere yapfuye ni umwigeme yacumiswe imbugita n’umugabo azwi kw’izina rya Nibimpa Enock, uwo akaba ari uwo bari kumwe mu nzu, bikavugwa ko yari umuhabara wiwe.

Abanyagihugu bamaze kumenya ivyabaye, baciye barengera kuri uwo mugabo, baramukubita gushika aho apfa.

Abajejwe umutekano baranyarutse gushika muri ico kibanza, ariko bakaba basanze abo bantu bompi bitavye Imana.

Mu giporisi bahanura abantu kwirinda ingeso y’ukwihanira, hagize abafise ico bapfa, bakitura ubutungane.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS