Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Keffa Nibizi yemeza ko abagarutse muri Sahwanya Frodebu ari abari birukanwe muri Frodebu Nyakuri

Umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye avuga ko hataragera ko umugambwe arongoye wiyunga n’umugambwe Sahwanya FRODEBU irongowe na Pierre Claver Nahimana, kuko hari vyinshi Keffa NIBIZI abona iyo migambwe ibiri yahora ari umwe idahurizako, agatanga akarorero k’ukuzokwitaba amatora y’umwaka w’2020.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, inyuma y’aho kuri uwu wa gatandatu hari umurwi urongowe n’umushingamateka Norbert Ndihokubwayo wemeje ko wahora muri FRODEBU Nyakuri, ariko ko ugarutse muri Sahwanya FRODEBU, Keffa Nibizi arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye yamenyesheje ko ukwiyunga hagati y’iyo migambwe yompi kudashoboka, kubera batabona kumwe ibibazo bimwe bimwe :

“Ubabajije kuja mu matora, wumvise ivy’umukuru w’umugambwe avuga, ivy’icegera ciwe avuga, n’ivy’umuvugizi avuga, ntibisa. Ntituramenya ko bazoja mu matora. None abantu tutaramenya ko bazoja mu matora, urumva rero twebwe ico ciyumviro ntakiriho, kandi noneho turavye ingendo yabo, haracariho vyinshi tutahurijeko, n’ubu tudahurizako, ku buryo bigoye kuvuga ko abo bantu vyokunda ko tuja hamwe.”

Umugambwe FRODEBU Nyakuri umenyesha ko abo bagarutse muri Sahwanya FRODEBU biyita abanywanyi ba FRODEBU Nyakuri ari abari birukanywe muri FRODEBU Nyakuri hamwe n’abanywanyi ba CNARED. Keffa Nibizi arongoye FRODEBU Nyakuri asigura ati : “Babonye iryo shirahamwe risambutse, bakabura ico bafata n’ico bareka, baciye bahitamwo kwishikana mu mugambwe Sahwanya FRODEBU babanje kutwiyitirira kugira babone kwakirwa vyoroshe.”

Ku bavuga ko hoba harabaye utwigoro two kwiyunga hagati y’umugambwe Sahwanya FRODEBU hamwe na Sahwanya FRODEBU Nyakuri, ariko bikanka, Keffa NIBIZI yemeza ko ayo makuru atayo azi : “Jewe kuva ndongoye umugambwe itariki 15 z’ukwezi kwa gatanu umwaka w’2016, nta kigoro na kamwe nzi kigeze kabaho ko kwiyunga, kaba akagizwe na twebwe, canke kaba akagizwe n’abarongoye umugambwe FRODEBU.

Abamenyesheje kuri uwu wa gatandatu ko bahora muri FRODEBU Nyakuri, ariko ko bagarutse muri Sahwanya FRODEBU ni umurwi w’abavuga ko bahoze barongoye FRODEBU Nyakuri ku rwego rw’intara, hamwe n’abavuga ko bari mu rwego nshingwabikorwa rw’uwo mugambwe. Uwo murwi urongowe n’umushingamateka Norbert Ndihokubwayo, ukaba ugizwe n’abaje bava mu ntara za Gitega, Muyinga, Mwaro, Kirundo, Karusi na Cankuzo.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS