Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kibenga : Umuntu yagirizwa ko ari umusuma yishwe n’abajejwe umutekano

Umuntu umwe yagirizwa ko ari umusuma yiba akoresheje umupanga yishwe arashwe n’abasirikare mw’ijoro ryo ku munsi wa kabiri, muri karitiye bita Kibenga rural. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Petero Nkurikiye amenyesha ko uwo muntu yarashwe n’abasirikare yaheruka kurekurwa vy’agateganyo na Parake ya Ntahangwa, ava mu Mpimba aho yari apfungiwe yagirizwa ivy’ugutegera abantu akabiba akoresheje umupanga.

Iyo karitiye ya Kibenga rural isanzwe ibangamiwe n’abantu bitwaje imipanga bategera abanyagihugu bakabiba, bakongera bakabatemaguza imipanga, nk’uko vyemezwa na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano :

“Muri kino gice ubwo bugizi bwa nabi burahari, nta n’igihe kirekire cane giheze, twarigeze kuza ngaha tubereka uwundi nk’uyo yahitanwe n’amasasu y’abajejwe umutekano.”

Petero Nkurikiye avuga ko bitumvikana ingene abasuma bitwaje bobandanya guhungabanya umutekano muri iyo karitiye, agasaba abanyagihugu ko bokorana neza n’abajejwe umutekano mu gufatisha abo basuma.

Umwo muntu yishwe azwi kw’izina rya Emmanuel Niyonzima, akaba avuka muri komine Tangara, intara ya Ngozi.

 

 

Niyonzima Emmanuel avuka komine Tangara, intara ya Ngozi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS