Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kigali : Umurundi yafatanwe ibiyovyabwenge bwo mu bwoko bwa Cocaine

Umugabo w’umurundi azwi kw’izina rya Hervé Simbare yatawe muri yompi n’igiporisi c’Urwanda akekwako gucuruza ibiyovyabwenge vyo mu bwoko bwa Cocaine.

Uwo mugabo yafashwe inyuma y’aho yari azaniwe udupake 14 twa Cocaine n’umuntu avuye mu Burundi, nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’igisagara ca Kigali, CIP Umutesi Marie Gorette, amenyesha ko uwo murundi yafashwe ku makuru yatanzwe n’abanyagihugu b’i Kigali ku giporisi. Ikinyamakuru IGIHE co mu Rwanda dukesha iyi nkuru kivuga ko umuvugizi w’igiporisi ca Kigali yemeza ko ivyo biyovyabwenge vyari bije biva mu Burundi. CIP Umutesi Marie Gorette :

“Bamufashe mu gihe cya saa sita ubwo bari bamuzaniye turiya dupaki 14 twa Cocaine. Ku bufatanye bwa Polisi n’abaturage, ya makuru tujya tubabwira gutanga, batanze amakuru umugabo aje atumuzaniye ahita afatwa. Byari biturutse mu Burundi, dore ko nawe afite ubwenegihugu bw’u Burundi. Bari babimwohereje bivuye i Burundi kugira ngo abigurishe.”

Aho yerekanwa n’igiporisi, umurundi Simbare Hervé batazira Mao yabwiye itangazamakuru ry’Urwanda ko ivyo biyayuramutwe yabifatanwe mu modoka yiwe, ariko ko ari uwundi muntu yari yabimutumye, n’aho atavugiye aho nyene uwariwe.

Igitabu mpanavyaha c’Urwanda kivuga ko umuntu wese akora, arima, ahingura, atunga, abika canke agurisha ibiyayuramutwe ko ahanishwa umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, hamwe n’ihadabu ry’amafaranga imiriyoni 20 z’amanyarwanda.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS