Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kiganda : Umuvyeyi yishe umuhungu wiwe

Umusore w’imyaka 34 azwi kw’izina rya Pierre Claver Ntakarutimana yishwe acumiswe imbugita n’umuvyeyi nyina wiwe, muri komine Kiganda, intara ya Muramvya.

Ubwo bugizi bwa nabi bwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, ku musozi Murenza, komine Kiganda, intara ya Muramvya. Nk’uko vyemezwa n’ababanyi b’uwo yishwe, intango ya vyose kwabaye ugushwana hagati y’uwo muhungu na nyina, haheze akanya uwo muvyeyi yinjira mu nzu azana imbugita ayicumita uwo muhungu kabiri mu mutima, uwo nawe yitaba Imana aho nyene.

Monika Sinzobakwira yakozwe ubwo bwicanyi apfungiwe mu gasho k’igiporisi ko muri komine Kiganda.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS