Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kinama : Abantu bane bishwe n’abitwaje inkoho

Abantu bane baraye bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, muri karitiye ya Kanga, zone Kinama igisagara ca Bujumbura, nk’uko vyemezwa na Moise Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bishwe n’abasuma bitwaje inkoho bari baje kwiba ku rugo rw’uwitwa Rivuzimana Vincent. Abo basuma bitwaje inkoho bagiye batwaye amafaranga angana n’ibihumbi ijana na cumi na bitanu, nk’uko amakuru atangwa na Moise Nkurunziza abivuga.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS