Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kinanira : Umuntu yagirizwa ubusuma yahitanwe n’amasasu y’abaporisi

Umuntu umwe yapfuye arashwe n’abaporisi muri zone ya Musaga, karitiye ya Kinanira ya gatatu mu bucagucagu bwo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha umunani n’iminota mirongo itatu.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo yarashwe n’abaporisi yariko yurira uruzitiro (Clôture) rwa rumwe mu ngo ziri aho muri Kinanira ya gatatu, arikwo kuraswa n’abaporisi aca yitaba Imana aho nyene.

Ikiziga c’uwo muntu kikaba caciye gikurwa muri ico kibanza n’abanyagihugu, bari kumwe n’igiporisi kijejwe gukinga impanuka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS