Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kirundo : Abantu babiri bakomerekejwe na Gerenade zatewe

Umugabo n’umwana wiwe w’imyaka cumi bakomerekejwe na Gerenade zibiri zatewe ku rugo iwabo mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro n’iminota 10.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko izo Gerenade zibiri zatewe n’umugabo azwi kw’izina rya NKWESHI François ku rugo rwa NYABENDA Stany ruri ku musozi Rugasa, komine Bugabira, intara ya Kirundo, uwo yaziteye akaba yaciye atungwa n’ayo yameze.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko amatohoza yatanguye kugira icatumye uwo mugabo atera izo Gerenade kimenyekane.

Abakomeretse bariko bavurirwa ku bitaro vya Kinyinya, intara ya Kirundo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS