Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kirundo : Abanyagihugu babiri bahitanwe n’amasasu y’abaporisi

Abanyagihugu babiri bapfuye bahitanwe n’amasasu y’abaporisi mu gatondo ko munsi wa gatatu muri komine Vumbi, intara ya Kirundo, mu mishamirano hagati y’abanyagihugu hamwe n’abaporisi. Abo banyagihugu bashaka kwica umuntu bamwagiriza ko ari umurozi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko intango y’iyo mishamirano ari umunyagihugu w’imyaka 56 azwi kw’izina rya Rwasa Jean yagirizwa ko ari umurozi yari yafashwe, abaporisi baza gutabara kuko uwo yari yafashwe yagira yicwe. Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko abaporisi barashe hejuru kugira bashwiragize abo bantu bongere batabare uwo munyagihugu yagira yicwe.

Muri iyo mishamirano, abantu babiri nibo bahitanwe n’ayo masasu y’abaporisi, umwe ariwe Niragira André  yitavye Imana ahonyene, uwugira kabiri ariwe Uwisavye Mechack apfira ku bitaro.

Musitanteri wa komine Vumbi, Jean Baptiste Kwizera ahanura abanyagihugu kuvavanura n’ingeso y’ukwihanira.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS