Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kirundo : Amagerenade 13 yahitanye abantu umunani mu kiringo c’amezi abiri

Amagerenade 13 niyo yatewe mu ntara ya Kirundo, mu kiringo c’amezi abiri gusa, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko izo gerenade zahitanye abantu umunani, hamwe n’abagera kuri 6 bakomeretse. Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano yemeza ko abantu indwi bagirizwa ko aribo bateye izo Gerenade bafashwe, bakaba mbere kuri uwu wa gatatu baramanukanwe i Bujumbura, bapfungiwe mw’igendereza. Babiri muribo ni abahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe.

Nk’uko bishikirizwa na Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, izo Gerenade zatewe muma komine atatu y’intara ya Kirundo ariyo Busoni, Kirundo hamwe na Bugabira. Kubwa NKURIKIYE, izo Gerenade zatewe abantu bagirizwa ko ari abarozi, hamwe n’umwe yari afitaniye amatati y’amatongo n’umuvyeyi wiwe.

“Hariho abantu bagiye baratera ama Gerenade ku bantu bagirizwa ko ari abarozi. Barabikoze ku buryo mu kiringo c’amezi nk’abiri, ni ukuvuga kuva kw’itariki 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri kw’umwaka uheze gushika gushika itariki 28 z’ukwezi kwa kabiri uyu mwaka, haratewe amagerenade ashika kuri 13, aterwa mu bibanza bishika kuri indwi, muma komine atatu y’intara ya Kirundo. Igihe cose ubwo bubisha bwabaye, igiporisi caciye gikora amatohoza, ku buryo cafashe abantu bashika kuri indwi muri abo bayateye, aribo b’aba duhejeje kubereka.”

Mu giporisi c’Uburundi baragabisha abanyagihugu bahitamwo kwicisha abo bagiriza uburozi canke abapfa amatongo. Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha batazokwihanganira abo bihanira, aho bokwituye ubutungane.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS