Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kirundo : Bamwe mu basinzikajwe n’inzara bahawe imfashanyo

Imiryango iri mu yasinzikajwe n’inzara yo muri zone Gatare, Murore hamwe na Nyagisozi yo muri komine Busoni intara ya Kirundo yaronkejwe imfashanyo igizwe n’ibiharage, yatanzwe n’indongozi z’imvukira, abadandaza, hamwe n’abaserukira ubuzi butandukanye muri iyo ntara ya Kirundo.

Umuryango wose waronkejwe ibiro 10 vy’ibiharage, iyo mfashanyo ikaba ije ikurikira iyari yatanzwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD kuri uwu wa kane, igizwe nayo n’amatoni 38 y’ibifungurwa vyahawe abo muri zone Gisenyi, komine Busoni, intara ya Kirundo.

Abantu barenga ijana bo mu miryango igera kuri 30 yo mu ntara ya Kirundo nibo bamaze kumenyekana ko bataye ingo zabo bahungira mu gihugu kibanyi c’Urwanda kubera inzara yatewe n’uruzuba.

Bamwe mu banyagihugu bo muri iyo ntara ya Kirundo bamenyesha ko urwo ruzuba rwatumye abarimyi badasohora amaboko mw’irima ry’igice ca mbere (Saison culturale A).

Iyo nzara irangwa mu ntara ya Kirundo, yatewe kandi na bamwe mu banyagihugu bata amatongo yabo bakaja gupagasa mu bihugu bibanyi, nk’uko bimenyeshwa n’abaganiriye na Mashariki TV.

Imitumba 14 yo muma zone 5 agize komine Busoni y’intara ya Kirundo niyo yasinzikajwe n’urwo ruzuba.

Alain-Tribert Mutabazi, Buramatari w’intara ya Kirundo atera akamo imvukira hamwe n’abandi banyagihugu bose babishaka ko bokwegeranya imfashanyo, nk’ibifungurwa n’ibindi, yo kugarukira ku miryango yo muri iyo ntara, muri komine Busoni yugarijwe n’uruzuba, cane cane abasinzikaye gusumba abandi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS