Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Kirundo : Umuporisi yishe mugenzi we nawe yitavye Imana

Niyonzima Nicolas, umuporisi yahora akorera muri komine Bwambarangwe intara ya Kirundo yishwe arashwe na mugenzi we bakorana APC Dushimumukiza Aaron mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana, uwo yarashwe akaba yaciye yitaba Imana aho nyene.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo muporisi yari yarashe mugenzi we yari yafashwe kugira ashikirizwe ubutungane, ariko ko nawe nyene yishwe arashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere n’umuporisi yari amucunze.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano asigura ko mu gihe uwo muporisi yari atwawe muri Sentare nkuru y’intara ya Kirundo kugira acirirwe urubanza rw’ikibiriraho, yagerageje gutoroka mu gusimba ava mu modoka yariko iramwunguruza, umuporisi yari amucunze nawe amukurikiza amasasu yamuhitanye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS