Amakuru AgezwehoBurundi

Kizigenza w’Intamba Saido Berahino yitezwe i Bujumbura

Umusatirizi w’Intamba akaba na Kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Saido Berahino yitezwe i Bujumbura ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, aho aje kwifadikanya ba bagenzi we mu rukino ruzohuza Uburundi na Tanzaniya kuri uwu wa gatatu ku kibuga Intwari.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Alain Olivier NIYUNGEKO umumenyereza w’Intamba mu rugamba yasiguye ko Berahino Saido yagize ikibazo c’indege, ariko ko ageze i Nairobi muri Kenya, akaba aza gushika i Bujumbura ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri.

Berahino Saido asanzwe ariko avyifatamwo neza mu murwi wiwe wa Zult Waregem wo gihugu c’Ububirigi asanze abandi bakinyi 23 bari mu myimenyerezo y’ukwitegurira urwo rukino.

Mwomenya ko mu nkino zine Berahino amaze gukinira umurwi wiwe, amaze gutsinda ibitsindo 3.

  1. Nahimana Jonathan
    2 Ndikumana Justin
    3. Arakaza Marc Arthur
    4.Nsabiyumva Frederic
    5. Ngando Omar
    6. Moussa Omar
    7 Diamant Ramadhan
    8. Joel Bacanamwo
    9. Rashidi Leon
    10. Nshimirimana David
    11. Duhayindavyi Gael
    12. Bigirimana Gael
    13. Kwizera Pierre
    13. Ulimwengu Jules
    14. Hussein Shabani
    15. Cedric Amissi
    17. Francis Njali
    18. Bonfils Caleb Bimenyimana
    19. Mohamed Amissi
    20. Akanakimana Bienvenue
    21. Laudit mavugo
    22. Abdoul Razak Fiston
    23. Nahimana Shasir
Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close