Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Komine Mutimbuzi iramutswa Musitanteri mushasha

Simeon Butoyi niwe yagenwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nomero 100/050 ryo kuwa 18 Ntwarante 2019, kugira aje mu kibanza ca Musitanteri wa komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura.

Simeon Butoyi agiye mu kibanza cahoramwo Daniel Barindambi yakuwe muri ayo mabanga n’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2019, yagirizwa ko atunganya nabi amatunga y’iyo komine.

Inyuma y’ikurwa ryiwe, komine Mutimbuzi yabaye iratwarwa vy’imfatakibanza na Habiyambere Joel.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS