Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Maramvya : Abaporisi babiri bishwe barashwe

Abaporisi babiri bishwe barashwe n’umuntu yitwaje inkoho ku musozi Mutara, zone Maramvya, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura bita rural. Uwarashe abo baporisi yagiye atwaye inkoho zabo.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abo baporisi babiri aribo APC Simbagoye Jean hamwe na APC Nshimirimana Léonard bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, isaha umunani z’ijoro, mu gihe bari bagiye gutabara bahamagawe n’umugore yababwiye ko hari umugabo anyurujwe n’umuntu yitwaje inkoho. Bashitse muri ico kibanza, abo baporisi babiri barashwe amasasu n’umuntu yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov, inyuma y’ukubica akaba yagiye atwaye n’inkoho zabo.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza yatanguye kugira uwishe abo baporisi afatwe. Abantu batanu barimwo n’uwo mugore yaterefonye abo baporisi nibo bamaze gufatwa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS