Amakuru AgezwehoBurundiInkino

Messager Buja ibarizwa mu kibanza ca nyuma ca Primus Ligue yatsinzwe na Les Lierres

Ihiganwa rya Primus Ligue ryarabandanije kuri uwu w’Imana ku munsi waryo wa 28, imirwi umunani akaba ariyo yakinye. Umurwi wa Musongati FC niwo uri mu kibanza ca kabiri, ukaba ukurikira umurwi wa Aigle Noir FC ugeze ku manota 62, ukaba kandi usanzwe yaramaze guhabwa igikombe c’iryo higanwa.

Kuri uwu w’Imana, Athletico Olympic yanganije kimwe ku kindi na Bumamuru FC, umurwi wa Kayanza United ugeze mu kibanza ca 12 utsindwa bibiri ku busa na LLBS4A.

Ngozi City yatsinzwe bibiri kuri kimwe na Flambeau du Centre, Rukinzo FC itsinda kimwe ku busa Vital’O ya Kanyenkore Gilbert batazira “Yaoundé” igeze mu kibanza ca gatatu.

Uko imirwi irushana amanota

Uko Imirwi yatsindanye ku munsi wa 28 wa Primus Ligue

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close