Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Messager Bujumbura ibarizwa mu kibanza ca nyuma ca Primus Ligue

Umurwi wa Messager Bujumbura uri mu kibanza ca 16 ari naco ca nyuma, mw’ihiganwa rya Primus Ligue risigaje indwi zine gusa. Aigle Noir iracari mu kibanza ca mbere muri iryo higanwa rigeze ku ndwi yaryo (Journée) ya 24. Amahirwe akaba ari menshi ko igikombe c’iryo higanwa gitahukanwa na Aigle Noir ifise amanota 58, inyuma y’aho inganije ubusa ku bundi na Flambeau de l’Est, mu mpera z’iyi ndwi twaraye dusozereye.

N’aho Aigle Noir yanganije na Flambeau de l’Est, uwo murwi wagumye kw’isonga ry’ihiganwa, ukaba urusha amanota 12 yose Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri.

Uko imirwi yatsindanye ku bibuga bitandukanye, ahabereye izo nkino z’indwi ya 24 :

Vital’O FC iri mu kibanza ca gatatu yatsinze bitatu ku busa Messager Bujumbura isanzwe iri mu kibanza ca nyuma, Flambeau de l’Est iri mu kibanza ca 15 inganya ubusa ku bundi na Aigle Noir iri mu kibanza ca mbere.

Ngozi City iri mu kibanza ca gatandatu nayo nyene yanganije ubusa ku bundi na Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri.

Bumamuru yo mu kibanza c’icenda yatsize bibiri kuri kimwe Kayanza United igeze mu kibanza ca 12, Les Lierres iri mu kibanza c’umunani itsinda bitatu kuri kimwe Lydia Ludic igeze mu kibanza ca 14.

Rukinzo FC y’igiporisi c’Uburundi iri mu kibanza c’indwi yatsinze bibiri ku busa Buja City iri mu kibanza ca gatanu, Messager Ngozi ya kane itsinda bitatu kuri kimwe Athletico Olympic y’icumi.

Olympic Star y’I muyinga iri mu kibanza ca 13 yatsinze bibiri kuri kimwe Flambeau du Centre igeze mu kibanza ca 11.

Uko imirwi irushana amanota ku ndwi ya 24

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS