Amakuru AgezwehoEACUkwidagadura

Miss Rwanda 2019 : Itorwa ryazanye impari ku barundi n’abanyarwanda

Umwigeme Nimwiza Meghan niwe yaraye atahukanye ikibanza ca Miss Rwanda 2019, umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge kurusha abandi. Itorwa rya Nimwiza Meghan ryazanye impari mu Burundi no mu Rwanda.

Mu birori vyabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2019, muri “Intare Conference Arena” i Rusororo, uwo yatowe yasubiriye Iradukunda Liliane yahora ari Miss Rwanda kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma 2018.

Inyuma y’ugutorwa, Nimwiza Meghan yarashimiye abakunzi biwe bamutoye, akaba yababwiye ati : “Mwarakoze, ntacyo nabona nababwira, nasabwe n’ibyishimo, murakoze cyane.” Ku bigeme basangiye urugendo mu myiteguro, gushika kuri uwo munsi w’igice ca nyuma c’ihiganwa, yagize ati : “Nababwira ko nabo bakoze kubana neza, ndabakunda cyane, cyane, cyane.”

Itorwa ryazanye impari mu Burundi no mu Rwanda

Umwe mu bagize umurwi wari ujejwe gutanga amanota, Rusaro Carine, yasiguye ko amanota yatanzwe hisunzwe inyishu zatanzwe ku bibazo vyabajijwe. Iyo nsiguro ntiyanyuze bamwe mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi, yaba abo mu Rwanda canke mu Burundi, bakiyumvira ingene ikibanza ca mbere cohabwa uwutashoboye kwishura neza ikibazo yabajijwe.

Mu nzu y’imanza ya “Intare Conference Arena”, Nimwiza Meghan yatahukanye ikibanza ca mbere yabajijwe ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Yishuye ati : “Ivyo bihugu ni Urwanda, Uganda, Kenya, Tanzaniya, [amara akanya gako ariko ariyumvira], Sudani ndiyumvira ko nayo irimwo, sinibuka ikindi gihugu kiri muri uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko.”

Ku mbuga ngurukanabumenyi, impari zihagaze ku kwiyumvira ko Nimwiza Meghan yoba yaretse kuvuga Uburundi mu bihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko kubera ikibazo c’umubano utari mwiza hamwe n’imigenderanire itifashe neza hagati y’Uburundi n’Urwanda. Bamwe bakibaza bati : “Yotahukana gute ikibanza ca mbere atashoboye n’ukumenya ibihugu biri muri Afrika y’ubuseruko? Abandi bati : “Mu bihugu bigize uwo muryango yokwibuka ibindi vyose akibagira igihugu kibanyi n’Urwanda, kanatsinda ko wenyene yivugiye ko hari ikindi gihugu atibuka kiri muri uwo muryango”.

Mu gihe benshi bari biteze ko Miss Rwanda 2019 atorwa ari uwitwa Mwiseneza Josiane yavuzwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe no mu binyamakuru bitandukanye, uwo yatahukanye ikibanza ca Miss Popularity.

Rusaro Carine, umwe mu bagize umurwi wari ujejwe gutanga amanota, amenyesha ko ico kibanza cahawe umuntu yamenyekanye cane, ndetse yanatowe cane n’abantu batandukanye.

Muri iryo higanwa, batanu bariko bahiganirwa ikibanza ca mbere mu gice ca nyuma c’ihiganwa ni Uwihirwe Yasipi Casimir (No 21), Gaju Anita (No 35), Uwase Sangwa Odille (No 16), Kabahenda Ricca Michaella No 9) hamwe na Nimwiza Meghan (No 32).

Inyuma y’umwiherero w’umurwi ujejwe gutanga amanota, batanu bari basigaye mw’ihiganwa barushanije uku gukurikira :

Miss Rwanda 2019 : Nimwiza Meghan, No 32
Igisonga (icegera ca mbere) : Uwihirwe Yasipi Casimir, No 21

Igisonga ca kabiri : Uwase Sangwa Odille, No 16

Miss Popularity : Mwiseneza Josiane, No 30

Miss Rwanda 2019 Nimwiza Meghan yahawe imodoka nshasha azokoresha mu kwiyunguruza, yo mu bwoko bwa Suzuki Swift. Uko ukwezi gutashe, mu mwanya wose azomara ari Miss Rwanda 2019, akaba azokwama kandi ahembwa amafaranga y’amanyarwanda agera ku bihumbi amajana umunani (800Frw).

Uwihirwe Yasipi Casimir yatowe nk’igisonga (icegera) ca mbere, ahabwa agashimwe k’ibahasha y’amafaranga agera ku muriyoni umwe w’amanyarwanda. Uwase Sangwa Odille nawe yatowe nk’igisonga ca kabiri, ahabwa amafaranga ibihumbi amajana atanu y’amanyarwanda (500 Frw).

 

 

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close