Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Mpanda : Umunyagihugu wese akeneye “Ambulance” asabwa kuba yararishe amafaranga ibihumbi bibiri

Umuganga ajejwe ubuvuzi muri komine Mpanda, intara ya Bubanza yafashe ingingo ivuga ko kuva kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2019, umunyagihugu wese azokenera imodoka rusehabaniha (Ambulance) azobanza kwerekana agakarata kemeza ko yarishe amafaranga ibihumbi bibiri y’amarundi. Uwutazoba yaratanze iyo ntererano nawe, azotegerezwa kubanza gutanga amafaranga angana n’amaritiro mirongo ibiri (20L) y’igitoro.

Mw’ikete aheruka kwandikira abarongoye amavuriro hamwe n’ibitaro vyose biri muri komine ya Mpanda, Muganga Richard Nimbona yamenyesheje ko ayo mafaranga ibihumbi bibiri azotangwa n’urugo rwose, ku mwaka, ayo nayo akaba ari ayazokoreshwa mu gusanura n’ukubungabunga imodokari rusehabaniha (Ambulance) isanzwe ari imwe, ikoreshwa muma komine atatu ariyo Mpanda, Gihanga na Rugazi.

Nk’uko biri muri iryo kete, kuva kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2019, uwuzokenera iyo modokari adafise agakarata kemeza ko yatanze iyo ntererano, azotegerezwa kubanza kuriha amafaranga angana n’igiciro c’amaritiro 20 y’igitoro.

Muganga Richard Nimbona asaba abajejwe amagara y’abantu ku mitumba yose ko bohimiriza abanyagihugu kugira batange iyo ntererano.

Mu rwego abarwayi bavugiramwo, CEMABU (Cadre d’Expression des Malades du Burundi) bavuga ko batakiriye neza iyo ngingo, kuko abanyagihugu basabwa ayo mafaranga basanzwe bafise amikoro make, Sylvain HABANABAKIZE, ajejwe kumenyesha amakuru muri CEMABU agasaba ko iyo ngingo yosubirwamwo.

Sylvain Habanabakize

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS