Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Mugina : Abandi barundi 879 bahungutse

Abandi barundi bagera ku 879 bahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya, mw’ikambi y’i Nyarugusu, bakaba batahukanwe n’ishirahamwe HCR rijejwe impunzi.

Abo barundi binjiriye rubibe rwa Mugina, intara ya Cibitoke, bazanwa n’imiduga (Bus) 14 ya HCR. Abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko abahungutse bagizwe n’imiryango 251, ni ukuvuga abagabo 390, n’abagore 489 bose bo muri komine ya Nyanza Lac intara ya Makamba.

Iyo miryango yabaye irashikira mu kibanza cagenewe kwakira impunzi co muri komine Mabanda, intara ya Makamba, mu kurindira ko batwarwa mu miryango yabo.

Abo barundi baje bakurikira abandi 335 bahungutse kuri uwu wa kane w’indwi iheze bava mu makambi y’impunzi ari i Nduta na Mtenderi mu gihugu ca Tanzaniya.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS