Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Mugina : Intara ya Cibitoke yakiriye Abarundi 744 bahungutse

Bamwe mu barundi bahora mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya bahungutse, abatashe bagera ku 744, bakaba bahungutse babifashijwemwo n’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi.

Abo barundi binjiriye ku rubibe rwa Mugina intara ya Cibitoke ni ingo (Ménages) 152 zigizwe n’abagabo 329 hamwe n’abagore 415 bo mu ntara za Makamba (609), intara ya Bururi (129), intara ya Bururi (129) hamwe n’intara ya Rumonge (6).

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS