Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Musaga : Umwana yishwe n’imodoka yamusanze mu kigo c’ishure

Umwana umwe yitavye Imana ahitanwe n’isanganya ry’imodoka yamusanze mu kigo c’ishure yigako, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya mbere Ntwarante 2019.

Imodoka yo mu bwoko bwa Hiace ifise iparati ndangamuduga C3480A ikorera muri zone ya Musaga yariko ija mu gisagara ca Bujumbura, ariko igeze kw’ibarabara rya kabiri rya Musaga yataye ibarabara yinjira mu kigo c’ishure rito rya Musaga ya kabiri.

Iyo modoka yagonzwe umunyeshure wo mu mwaka wa gatanu, IGIRANEZA Joe w’imyaka 15, aca yitaba Imana aho nyene, nk’uko vyemezwa n’igiporisi cashitse muri ico kibanza kuraba ivyabaye.

Abandi banyeshure umunani bakomerekeye muri iryo sanganya, batatu muribo bakaba baremvye cane.

Umuyobozi w’ishure rito rya Musaga ya kabiri asaba ko hafi y’iryo shure hoshirwa ibimenyetso vyerekana ko higa abana, kugira abunguruza imiduga baze baragabanura umuvuduko bahashitse.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS