Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Musongati : Nta mugore n’umwe arekuriwe kuba ari mu bunywero inyuma y’isaha imwe z’ijoro atari kumwe n’umugabo wiwe

Musitanteri wa komine Musongati intara ya Rutana yafashe ingingo ko ata mugore canke umwigeme n’umwe azosubire kuba akiri mu bunywero inyuma y’isaha imwe z’ijoro atari kumwe n’uwo bubakanye biciye mu mategeko.

Jean Damascene Arakaza Musitanteri wa komine Musongati asigura ko iyo ngingo yafashwe kubera inyifato mbi imaze igihe yibonekeza ku mitumba nka yose igize komine Musongati aho abagore bamwe bamwe bataye ibanga n’indero basigaye birirwa baranywa inzoga bakaborerwa batari kumwe n’abagabo babo gushika mw’ijoro amasaha akuze, bagahava batera umudugararo ku birabo bakoma induru, batukana abandi bashurashura, ivyo bikaba bihungabanya umutekano mu ngo, nk’uko bivugwa n’uwo arongoye komine Musongati.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS