Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Mutaho : Musitanteri yakomerekejwe na Gerenade

Musitanteri wa komine Mutaho intara ya Gitega yaraye ahatswe kugandagurwa n’abantu bataramenyekana bamuteye ku rugo iwe, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha zibiri n’imonota mirongo itatu z’ijoro.

Abantu bataramenyekana bateye Gerenade Musitanteri wa Mutaho, bamusanze ku rugo iwe, ikaba yamukomerekeje ku jisho, nk’uko bivugwa na Moise Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abantu batanu akaba aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS