Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Muyinga : Abantu babiri bakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka

Abantu babiri bakomeretse mw’isanganya ry’imodoka ryabereye kuri uwu wa kane muri komine Gasorwe, intara ya Muyinga. Imodoka (Remorque) yataye inzira, iratembagara, ica irasha aho nyene.

Iyo modoka yariko ija i Ngozi, ikaba yari itwaye ibidandazwa bitandukanye, nk’uko bishikirizwa n’igiporisi. Igeze aho bita mu Rukinzo, komine Gasorwe intara ya Muyinga, yatembagaye ica irasha yose na bimwe mu bidandazwa vyarimwo.

Umudereva w’iyo modoka hamwe n’umugore bari kumwe bakomeretse, bakaba baciye batwarwa kuvurirwa ku bitaro vy’i Ngozi.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS