Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Muyinga : Umugore yitavye Imana, umwana wiwe arakomereka mu gitero cakozwe

Umugore azwi kw’izina rya Nzitunga Léonie w’imyaka 34 yitavye Imana ahitanwe n’amasasu yarashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bateye ku rugo iwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane ku musozi Butihinda, komine Buhinyuza, intara ya Muyinga. N’umwana wiwe w’amezi atanu yarakomerekejwe ku kuboko n’ayo masasu.

Ico gitero cakozwe mw’ijoro ryaraye rikeye nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro ku rugo rwa Nimbona Claude batazira Shabani. Amakuru dukura mu giporisi c’Uburundi avuga ko abo bantu bitwaje ibirwanisho bashitse batera Gerenade muri urwo rugo, barasa amasasu menshi, babomora idirisha ry’inzu barinjira, n’aho nyene barasa amasasu yahitanye uwo mugore akomeretsa n’umwana wiwe.

Nyenurugo ariwe Nimbona Claude batazira Shabani yarashoboye guhunga abo bitwaje inkoho, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko uwo mugabo yari yariketse ko ashobora guterwa, kuko yari amaze iminsi atarara muhira iwe.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abantu babiri aribo bamaze gufatwa, mu matohoza ariko arakorwa ku bakoze ico gitero.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS