Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Mwaro : Umukuru w’igiporisi muri komine Nyabihanga yishwe

Umukuru w’igiporisi muri komine Nyabihanga intara ya Mwaro yishwe ahitanwe n’amasasu yarashwe n’abantu bivugwa ko ari abasuma, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu rishira uwa kane nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko babiri muri abo basuma bishwe nabo.

Petero Nkurukiye avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko bari abasuma batanu bari baje bava mu ntara ya Gitega, bitwaje inkoho imwe, bakaba bariko bagerageza kwiba ku rugo rw’uwitwa Salvator ruri muri komine Nyabihanga, Zone Kibungere, umusozi wa Kirambi, intara ya Mwaro. Uwo Salvator yari yadandaje inka yiwe, nk’uko bivugwa n’igiporisi.

Mu gihe abaporisi bariko bagerageza gutesha abo basuma, OP1 Ndayikengurutse Anicet umukuru w’igiporisi muri komine Nyabihanga, ari nawe yari arongoye ico gikorwa yahitanwe n’amasasu y’abo bitwaje inkoho, hamwe n’abasuma babiri nabo nyene bishwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS