Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ngagara : Inkoho zibiri n’ibindi bikoresho vy’igisirikare vyafatiwe ku rugo rwa Colonel Haziyo Gérard

Inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Pistolet, ibikono vy’amasasu ipantaro zitandatu z’igisirikare c’Uburundi, amashati (Vestes) ane y’igisirikare, imisipi ibiri hamwe n’inkofero imwe nivyo vyafatiwe kuri uwu wa mbere ku rugo rwa Colonel Haziyo intwazangabo y’umukukuruke yo mu gisirikare c’Uburundi.

Ivyo bikoresho vy’igisirikare c’Uburundi vyafashwe mw’isakwa ryakozwe n’abasirikare kuri urwo rugo rwa Colonel Haziyo yigeze kuba kandi Buramatari w’intara ya Bubanza.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amatohoza ariko arakorwa kuri ivyo birwanisho vyafashwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS