Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

NGENDAKURIYO Anthere yagirizwa ubwicanyi yaciriwe urubanza

Sentare nkuru y’intara ya Muramvya yahanishije umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose NGENDAKURIYO Anthere yagirizwa icaha c’ukwica NIVYAYO Innocent.

Mu ntahe y’intahe y’ikibiriraho yabaye kuri uwu wa kabiri, NGENDAKURIYO Anthere yagiriwe n’ico caha c’ubwicanyi yakoze yateguye, akaba yishe atemaguye izosi n’umupanga NIVYAYO Innocent.

Uwagirizwa ico caha yaragihakanye, ariko nk’uko bivugwa na Agnes BANGIRICENGE umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa, abajejwe umutekano bamusanganye umupanga yatemesheje uwo yishwe, hamwe n’impuzu ziriko amaraso.

Muri iyo ntahe yaheze isaha zitandatu n’iminota mirongo ine z’ijoro, NDAYIRAGIJE Caritas nawe yahanishijwe ugupfungwa imyaka 20 yagiriwe n’icaha c’ukwifadikanya na NIVYAYO Innocent mu gukora ubwo bwicanyi.

Batatu mu bari bafashwe aribo NSAVYIMANA Salvator, NDUWIMANA Vianney na BUKURU André bambitswe izera.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS