Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ngozi : Abana batatu bapfunzwe bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu c’Uburundi bagiye kurekurwa

Umushikiranganji w’ubutungane Aimé Laurentine Kanyana avuga ko abana batatu b’abanyeshure bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi bagirizwa gusibanganya ifoto y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bagiye kurekurwa vy’agateganyo, basubizwe mu miryango yabo.

Mu gihe hari bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu bavuga ko abo bana barenganwa, umushikiranganji w’ubutungane amenyesha ko urwo rubanza rukiri mu matohoza, ariko ko biboneka ko icaha cakozwe :

“Murabona ko bikiri mu matohoza, sinovuga ngo bararenganijwe. Ikiboneka n’uko icaha cakozwe, ko amafoto ya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu bayanditseko ibintu bitarivyo. Uwabikoze rero mu gihe batamusanze akiriko arabikora, bica bija mu matohoza. Niko bigenda. Ubwo rero abana benshi bari bafashwe, hama harasigaramwo bakeyi babona ko hoba hariho ivyemezo.”

Umushikiranganji Aimé Laurentine Kanyana ashikiriza ko abo bana bagiye kurekurwa vy’agateganyo, basubizwe mu miryango yabo :

“Ariko amatwi unsumira numvise ko muri Parquet général y’i Ngozi hoba hafashwe ingingo ko abo bana botezurirwa, bagasubira mu miryango, hama amatohoza akabandanya.”

Abanyeshure batatu bo mu ntara ya Kirundo bafise imyaka iri hagati ya 16 na 17 nibo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi, bagirizwa ko basibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza iri mu bitabu bakoresha mw’ishure.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS