MASHARIKI TV

L' information fiable et en temps réel

Ngozi : Abanyeshure bo kw’ishure “Lycée New Life” batanguye gusubiramwo ibibazo vyibwe

Mu gihe uburuhuko bw’igice ca kabiri bwatanguye mu mashure yo mu Burundi abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye “Lycée New Life” ryo mu ntara ya Ngozi batanguye kuva kuri uwu wa mbere gusubiramwo ibibazo vyose (Examens), inyuma y’aho bimenyekaniye ko ibibazo bari bakoze vyibwe. Umunyezamu yagirizwa ko ariwe yatanze ivyo bibazo ari mu gasho ku mvo z’amatohoza.

Olivier Nduwarugira, umuyobozi w’ishure New Life avuga ko bafashe abanyeshure bafise ibibazo (Examens) vyibwe, amatohoza yakozwe n’iryo shure akaba yerekanye ko umunyezamu w’iryo shure yoba yarakoresheje urufunguruzo rw’ahabikwa ibibazo, araheza avyibira bamwe mu banyeshure.

Ubuyobozi bw’ishure New Life bwafashe ingingo y’ugusubiramwo ibibazo vyose kuva kuri uwu wa mbere. Umunyezamu w’iryo shure ari mu gasho ku mvo z’amatohoza, umunyeshure nawe yagirizwa ko yakoranye n’uwo munyazamu mu kwiba ivyo bibazo hamwe n’ukubihanahana n’abandi banyeshure yirukanwe burundu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS