Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Nina Christine NIYONSAVYE aserukira Uburundi mu Bufaransa yakuwe mu kazi

Nina Christine NIYONSAVYE yahora aserukira Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa yahagaritswe mu kazi, mw’ikete yarungikiwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu akaba yasabwe kwihutira kugaruka i Bujumbura mu Burundi.

Iryo teke ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2019 na Ezechiel NIBIGIRA umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, rimenyesha Nina Christine NIYONSAVYE ko ahagaritswe mu kazi k’ubuserukizi bw’Uburundi mu Bufaransa, kandi ko atumweko kugaruka i Bujumbura mu kiringo ca vuba.

Nina Christine NIYONSAVYE yari yagenwe guserukira Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa kw’igenekere rya 23 Rusama 2017.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS