Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

NKUNDA José Bel aratabariza se wiwe Bruno SIMBAVIMBERE batazira “Memba”

Umuhungu wa Bruno SIMBAVIMBERE umukuru w’urunani rw’abaririmvyi bo mu Burundi (Amical des Musiciens) asaba umuntu wese abishoboye ko yofasha umuryango wiwe muri uwu mwanya uri mu bibazo vy’ubukene bw’amafaranga y’ukuvuza uwo mukuru wa “Amical des Musiciens” yatemaguwe n’abagizi na nabi bataramenyekana.

NKUNDA José Bel, imfura ya Bruno SIMBAVIMBERE yibutsa Abarundi ko bamye bagirwa n’ugufashanya, akavuga ko uwogira ico ashoboye yofasha umuryango wiwe. Aho Mashariki TV yamusanze ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled aharwariye se wiwe, yagize ati :

“Nsaba abandi baririmvyi, abagenzi, abamuzi bose, ko bomushigikira. Dusaba abafise umutima bose badufashe. Ibintu vyose ngaha ni uburyo.”

Bruno Simbavimbere batazira Member yategerewe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu ariko arataha, bamutemaguza imipanga, bongera bamukubita amahiri bari bitwaje.

Ubwo bugizi bwa nabi bwabereye muri karitiye ya Kibenga, zone Kinindo, igisagara ca Bujumbura.

Kuva ku munsi wa gatandatu uheze, imbere ya sasita, niho Bruno Simbavimbere yashikanwa mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled (Hôpital Roi Khaled), akaba yahashikanywe akuwe muri Kira Hospital abanje gucishwa mu cuma “scanner”.

Nk’uko twashoboye kuvyibonera, Memba ntaratora ubwenge neza kuko adashobora kumenya umuntu n’umwe aje kumusuhuza.

Abaganga bavuga ko hari umutsi wo mu mutwe wakozweko n’umupanga, ari naco gituma gushika ubu ukuguru n’ukuboko bw’iburyo vyose bidakora neza. Harategekanijwe igikorwa co kumubaga kizoba kuri uwu wa kane.

Umuryango wa Memba usaba abafise umutima w’ugufasha ko bogira ico bakoze, kuko hakenewe amafaranga uwo muryango udafise, kandi ko n’imiti iriko irakoreshwa mu kumuvura bayigura ijana kw’ijana.

Umuryango wa Memba urashimira umuririmvyikazi Natacha NGENDABANKA watanze kuri uwu wa gatatu intererano y’amafaranga umuriyoni w’amarundi azokoreshwa mu kuvuza Bruno SIMBAVIMBERE.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS