Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Nyabiraba : Abakobwa ntibarekuriwe gutembera inyuma y’isaha cumi na zibiri (18h) z’umugoroba

Musitanteri wa komine Nyabiraba, intara ya Bujumbura yafashe ingingo ko kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019 ata mukobwa arekuriwe gusubira kuboneka mu mayira inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Iyo ngingo yateweko umukono na Simbananiye Ferdinand Musitanteri wa komine Nyabiraba ikaba ivuga ko abo abakobwa bose bo muri iyo komine arongoye bategerezwa kuba batashe imbere y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, mu ntumbero y’ukurwanya ingeso yibonekeza muri komine y’abanyeshure b’abakobwa batwara inda bakiri ku ntebe y’ishure.

Iyo ngingo ivuga kandi ko n’abakeneye kwandikisha ubugeni muri komine bazotegerezwa kubanza kuzana impapuro bahawe n’abajejwe intwaro ku mitumba.

Amakuru dukura aho muri komine Nyabiraba amenyesha ko muri uwu mwaka w’ishure w’2019, abigeme barenga mirongo ibiri aribo boba bamaze guheba ishure kubera batwaye inda z’indaro, abandi nabo bagata ishure kugira baje ku bagabo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS