Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Pierre Buyoya yituye Museveni kugira amufashe akurweko umutahe mpuzamakungu umurondera

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero BUYOYA yandikiye umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni asanzwe ari mu bagize uruhara mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha y’uguhagarika intambara mu Burundi, amusaba ko yokoresha ububasha afise kugira umutahe mpuzamakungu yarungikiwe ukurweho. Kubwa Petero BUYOYA, uwo mutahe mpuzamakungu uhonyanga amasezerano y’i Arusha yateweko umukono kuwa 28 Myandagaro 2000, kandi ugasuzugura n’ibindi bihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu yagize uruhara mw’iterwako umukono ry’ayo masezerano.

Mu kwezi kwa Munyonyo 2018, bamwe mu bahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi baratawe muri yompi. Inyuma y’ipfungwa ry’abo bahoze bajejwe amabanga atandukanye mu gisirikare, ubutungane bwarasohoye n’iyindi mitahe mpuzamakungu y’uguhagarika abantu 25 bagirizwa urupfu rw’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, bari mu mahanga. Muri abo baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, kw’isonga haza Petero BUYOYA yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Mw’ikete yandikiye kuri uwu wa gatatu Ntwarante 2019 Yoweri Kaguta MUSEVENI, umukuru w’igihugu ca Uganda, akaba ari no mu bagize uruhara mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha y’uguhagarika intambara mu Burundi, uwo yahoze arongoye Uburundi yamubwiye ko uwo mutahe yarungikiwe werekana ko ayo masezerano y’i Arusha atariko arubahirizwa n’ubutegetsi bwa Gitega.

Nk’uko yabishikirije muri iryo kete, Petero BUYOYA amenyesha ko mu masezerano y’i Arusha bari bumvikanye ko inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariyo izoshiraho umurwi mpuzamakungu w’amatohoza ku bwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva buronse intahe y’ukwikukira, gushika kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2008, umunsi amasezerano y’i Arusha yaterwako umukono. Mu gihe uwo murwi wokwemeza ko habaye ihonyabwoko, canke ubwicanyi bwo mu ntambara hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi ndengerabutungane, nk’uko vyasiguwe muri iryo kete, inama nkuru y’umutekano ya ONU niyo yociye ishiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yoba ijejwe gukurikirana mu butungane aboba bavuzwe mu cegeranyo c’uwo murwi w’amatohoza.

Ku bundi bugizi bwa nabi bwoba bwakozwe kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira gushika kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2008, umunsi amasezerano y’i Arusha yaterwako umukono, harimwo n’ubwicanyi bwakorewe uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, Major Petero BUYOYA yashikirije ko mu kigabane (chapitre) ca kabiri c’ayo masezerano y’i Arusha, ingingo (article) ya 17 na 18 berekana ko ico ari igikorwa c’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi.

Iryo kete ribandanya rivuga ko bitumvikana ingene impande zibiri (Reta ya Buyoya n’abayirwanya) zokwumvikana amasezerano, ariko uruhande rumwe (Reta y’Uburundi ihari ubu) rugeze ku butegetsi rugaca ruhitamwo kutubahiriza ivyumvikanwe. Petero BUYOYA abona ko amatohoza ku rubanza rwa NDADAYE yashizwemwo imvo za poritike, kuko arungikiwe umutahe inyuma y’imyaka 25 uwo yahoze arongoye Uburundi agandaguwe, agatangazwa ko imbere y’aho abategetsi b’Uburundi bagiye baramushigikira mu mabanga atandukanye yajejwe. Aho agira ati :

“Navuye mu mabanga y’ukurongora Uburundi mu mwaka w’2003, nk’uko vyari vyanditswe mu masezerano y’i Arusha. Narabaye umukenguzamateka w’Uburundi kuva mu 2003 gushika mu 2015. Ku rwego mpuzamakungu, narakoreye ubumwe bwa Afrika kuva mu 2008, ndongoye umurwi ujejwe gutanga amakuru w’ubumwe bwa Afrika mu matati ya Sudani na Tchad, gushika ubu nkaba ndi intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Afrika muri Mali na Sahel. Narabaye intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa mu gihugu ca Centrafrique kuva mu 2004 gushika mu 2012. Narahiganiwe ikibanza c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa mu 2014, ndabifashijwemwo na Reta y’Uburundi irongowe n’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA. Ikete yandikiye bagenzi we bose barongoye ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa ryarerekana mu ncamake ico namariye igihugu canje hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu.”

Major Petero BUYOYA yibaza rero namba ivyaha bikomeye nk’ugutegura hamwe n’ugushira mu ngiro ubwicanyi bwakorewe umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE vyoba bimwagira, igituma ubutegetsi bwoba bwarindiriye imyaka 25 iheze uwo yahoze arongoye Uburundi agandaguwe. Akibaza kandi igituma Reta y’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA imaze imyaka 13 ku butegetsi yikanguye ubu kugira imukurikirane mu butungane.

Petero BUYOYA yereka abakuru b’ibihugu vyose vyagize uruhara mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha ko umutahe yarungikiwe ari imvo za poritike, agasaba umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni n’abo bandi bakuru b’ibihugu, ko bokora ibishoboka vyose barekurirwa n’amategeko, kugira imitahe mpuzamakungu 25 yarungitswe n’ubutungane bw’Uburundi ikurweho.

Ibihugu vyagize uruhara mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha ni Tanzaniya, Afrika y’epfo, Kenya, Uganda hamwe n’Urwanda. Amashirahamwe mpuzamakungu nayo ni ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubumwe bwa Afrika, hamwe n’ubumwe bwa Buraya.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS