Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Primus Ligue : Aigle Noir FC yiteguriye urukino rudasanzwe

Umurwi wa Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba witeze urukino rudasanzwe ruzobera mu ntara ya Gitega kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante 2019. Mu gihe Aigle Noir yotsinda canke ikanganya na Olympic Star, vy’intahinduka, Aigle Noir izoba itahukanye ikibanza ca mbere c’ihiganwa Primus Ligue. Urwo rukino ruzoba kuri uwu wa gatatu ku kibuga Ingoma c’i Gitega, isaha indwi. Mu gihe Aigle Noir yotsinda canke ikanganya izoca ishikirizwa igikombe.

Ihiganwa rya Primus Ligue rirabandanya kuri uwu wa kabiri, ku bibuga bitandukanye. Igihe c’isaha indwi n’iminota 30, ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura, Rukinzo FC itana mu mitwe na Flambeau de l’Est, Bumamuru FC nayo ikine na Vital’O FC kuri ico kibuga nyene, igihe c’isaha icumi.

Ku kibuga Urukundo co mu ntara ya Ngozi, Messager Ngozi ikina na Lydia Ludic igihe c’isaha icenda.

Uko imirwi igiye guhura, kuri uwo munsi wa 26, mu nkino zitegekanijwe kuri uwu wa kabiri no ku munsi wa gatatu.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS