Primus Ligue : Imirwi yakorotse mu cicaro ca kabiri yamenyekanye
Inyuma y’ugusuzuma icegeranyo c’igisata kijejwe inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, urwego nshingwabikorwa rwa FFB rwafashe ingingo ko imirwi itatu yahora mu cicaro ca mbere ariyo yokorokera mu cicaro ca kabiri.
Iyo mirwi nayo ni Athletico Olympic, Flambeau de l’Est hamwe na Messager Bujumbura.
Twobamenyesha kandi urukino rw’igice ca nyuma c’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu rwari rutegekanijwe kubera i Gitega kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Rusama rwungururijwe ku munsi wa gatandatu w’indwi iza igenekerezo rya 11 Rusama 2019, i Gitega nyene.