Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Primus Ligue : Uko imirwi yatsindanye ku ndwi ya 23

Umurwi wa Aigle Noir niwo ukiri kw’isonga mw’ihiganwa rya Primus Ligue rigeze ku ndwi yaryo (Journée) ya 23. Iryo higanwa risigaje indwi zitanu gusa, amahirwe akaba ari menshi ko igikombe c’iryo higanwa gitahukanwa na Aigle Noir ifise amanota 57, uwo murwi ukaba urusha amanota 12 yose Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri. Turagaruka no ku mukinyi Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yaguzwe n’umurwi wo mu gihugu ca Portugal.

Inkino z’indwi ya 23 zabaye kuri uwu wa kabiri hamwe no ku munsi wa gatatu.

Uko imirwi yatsindanye ku bibuga bitandukanye, ahabereye izo nkino :

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019, Bujumbura City yatsinze 2 ku busa bwa Flambeau de l’Est ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Rukinzo FC iherutse kugurisha mu gihugu ca Tcheque umukinyi wayo w’inyuma NDAYE Chancel yatsinzwe kimwe ku busa na Messager Bujumbura isanzwe iri mu kibanza ca nyuma c’ihiganwa rya Primus Ligue. Urwo rukino rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Ki kibuga URUKUNDO kiri mu ntara ya Ngozi, Musongati FC yatsinze 2 kuri 1 Kayanza United y’umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA.

Flambeau du centre yirahiye 3 ku busa les Lierres FC ku kibuga INGOMA co mu ntara ya Gitega.

Kuri uwu wa gatatu naho igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, Messager Ngozi yatsinze 3 kuri kimwe Bumumaru FC. Abakunzi ba Messager Ngozi bari basikanye n’iyonka gushigikira uwo murwi wabo ugeze mu kibanza ca gatanu. Mu nzira y’ugusubira i Ngozi, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu inyuma y’urukino, abo bakunzi ba Messager Ngozi baragize isanganya, abagera hafi kuri 20 barakomereka, bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye.

Lydia Ludic Burundi Sports for Africa yatsinzwe kimwe ku busa na Atletico Olympic ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Ku kibuga UMUCO co mu ntara ya Muyinga, Vital’O yatsinze 2 ku busa Olympic Star, mu gihe kuri uwo munsi nyene, ku kibuga INGOMA c’i Gitega, Ngozi City yatsinzwe nk’iyitaje, ibitsindo 5 kuri kimwe.

Mu makuru y’inkino nyene, twobamenyesha ko umukinyi w’intamba mu rugumba, ari mu batangura mu kibuga, Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yari amaze igihe ata murwi afise, akaba yaguzwe mu murwi wa AMORA FC wo mu cicaro ca gatatu mu gihugu ca Portugal, nk’uko tubikesha urubuga ngurukanabumenyi rw’uwo murwi AMORA Futebol clube.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA witeguriye urukino rukomeye hagati y’Uburundi na Gabon ruzoba mu mpera z’ukwezi kwa gatatu. Mu gihe Uburundi bwotsinda canke bukanganya na Gabon, ku ncuro ya mbere ibendera ry’Uburundi rizoduzwa mu nkino z’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations).

Uko imirwi irushana amanota mw’ihiganwa rya Primus Ligue rigeze ku ndwi yaryo ya 23

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS