Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Primus Ligue : Uko imirwi yatsindanye n’inkino zitegekanijwe kuri uwu w’Imana

Ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije kuri uwu wa gatandatu mu munsi waryo wa 28, inkino zikaba zabereye ku bubuga bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu hagati. Umurwi wa Aigle Noir FC usanzwe waramaze gutahukana igikombe ca Primus Ligue wahuye na Messager Ngozi ku kibuga Urukundo c’i Ngozi. Iyo mirwi yompi yanganije ubusa ku bundi.

Les Lierres yatsinze bitatu kuri kimwe Messager Bujumbura, Musongati FC nayo inganya kimwe ku kindi na Bujumbura City. Olympic Star nayo yanganije ubusa ku bundi na Flambeau de l’Est.

Iryo higanwa rya Primus Ligue rirabandanya kuri uwu w’Imana, Athletico Olympic ikina Bumamuru FC ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha indwi (13h). Kuri ico kibuga nyene, Vital’O FC ikina na Rukinzo FC isaha icumi (16h).

Ku kibuga citiriwe Urukundo mu ntara ya Ngozi, Kayanza United ihura na LLBS4A isaha indwi (13h), kuri ico kibuga nyene, isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30), Ngozi City ihure na Flambeau du centre.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS