MASHARIKI TV

L' information fiable et en temps réel

Primus Ligue : Umurwi wa Vital’O waraye uhinduye indongozi ugeze mu kibanza ca kabiri

Inama ya bose (Assemblée général) y’umurwi Vital’O yakoranye kuri uwu w’Imana yashizeho uburongozi bushasha bw’uwo murwi. Jamal Sefu niwe mukuru wa Vital’O FC, icegera ciwe akaba ari uwitwa Evariste. Umunyabigega ni Omar Papy, umunyamabanga nawe ni uwitwa Remy.

Inyuma y’ugutsinda Flambeau de l’Est kimwe ku busa, Musongati nayo yari mu kibanza ca kabiri itsindwa na Aigle Noir ibitsindo bibiri kuri kimwe, uwo murwi wa Vital’O niwo ubarizwa mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa rya Primus Ligue rirongowe na Aigle Noir FC iri vy’intahinduka mu kibanza ca mbere, ikaba mbere imaze n’ugushikirizwa igikombe c’iryo higanwa. Mu kibanza ca nyuma hari umurwi wa Messager Bujumbura.

Imirwi ya Vital’O FC iri mu kibanza ca kabiri hamwe na Musongati FC iri mu kibanza ca gatatu inganya yompi amanota 52.

Uko imirwi yatsindanye mu mpera z’ino ndwi

Uko imirwi irushana amanota (Classement)

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS