Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

PSG yatsinze Manchester United, Real Madrid nayo irindiranwe igishika

Umurwi wa Paris Saint Germain wo mu gihugu c’Ubufaransa waraye utsinze mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri Manchester United ku kibuga cayo ca “Old Trafford”, mu nkino za mbere za 1/8 z’igikombe ca UEFA Champions League. Urukino rwaheze ari ibitsindo bibiri vya PSG ku busa bwa Manchester United.

Inkino za mbere z’ugukuranamwo mu gikombe gihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Burayi zatanguye kuri uwu wa kabiri.

Paris Saint-Germain yatsindiye iwabo Man-U mu gihe itari ifise abakinyi bayo b’ibihangange nka Neymar da Silva Santos Júnior hamwe na Edinson Roberto Cavani Gómez. Igice ca mbere caheze imirwi yompi inganya ubusa ku bundi.

Igitsindo ca mbere ca PSG imenyerezwa na Thomas Tuchel cinjiye ku munota wa 53 gitsinzwe na n’umukinyi w’inyuma w’umufaransa Presnel Kimpembe ku mupira wavuye muri “Corner” yari itewe na Ángel Di María yahoze muri Man U.

Inyuma y’iminota indwi gusa, ni ukuvuga ku munota wa 60, Ángel Di María nyene yatanze umupira mwiza ku musatirizi w’umufaransa Kylian Mbappe, uwo nawe ashiramwo igitsindo ca kabiri.

Man U yaragerageje gusatira, ariko biba ivy’ubusa, uwo murwi ugira n’ikibazo c’umukinyi wawo akomeye wo hagati, umufaransa Paul Pobga yahawe ikarata itukura ku munota wa 89 kubera ikosa yakoreye Daniel Alvez.

Urukino rwagiye guhera ari bibiri vya PSG, ku busa bwa Manchester United.

Kuri uwu wa gatatu, inkino zitegekanijwe uku gukurikira :

Ajax Vs  Real Madrid : isaha zine z’ijoro

Tottenham Vs Borussia Dortmund : isaha zine z’ijoro.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS